- Umwanditsi, Anna Lamche
- Igikorwa, BBC News
Umucamanza yategetse ko Donald Trump azocibwa urubanza itariki 10 z’ukwezi kwa mbere ku caha co gutanga igiturire i New york – mu gihe hazoba hasigaye indwi zidashika zibiri ngo arahirire kuba prezida.
Umucamanza Juan Merchan yamenyesheje ko ashobora gudacira urubanza Trump rwo kuja mw’ibohero, gupfungwa icamaso canke ngo atange amande, ahubwo mu kibanza cavyo azomuha “ukwidegemvya atagisabwe”, aca yandika ko, kw’itegeko ryiwe, prezida aheruka gutorwa ashobora kuzoza aritaba ubwiwe urubanza aregwamwo canke aciye ku buhinga bwa internet.
Trump yaragerageje gukoresha intsinzi yiwe mu matora ya prezida mu gusaba ko urwo rubanza rufutwa.
Prezida aheruka gutorwa yanditse ku mbuga hwaniro ubutumwa buvuga ko ingingo y’uwo mucamanza ari “iya politike ata ho ifatiye” aca avuga ko urwo rubanza “ari urwo ububeshi”.
Mu kwezi kwa gatanu, Trumps yahamwe n’ivyaha vyo gukoresha impapuro z’impimbano mu budandaji aho yarishe amadorari 130.000 umukinyi wa firime z’ubusambanyi Stormy Daniels.
Ivyo vyaha bifitaniye isano no kugerageza kuriha uwahoze ari umushingwamanza wiwe, Michael Cohen, mu misi ya nyuma y’imyiyamamazo yo mu 2016, yarishe uwo mukinyi wa firime kugira ntasubire gucira hasi ivyerekeye ko bahuje ibitsina na Trump.
Prezida aheruka gutorwa yararahiye ararengwa ko ata kosa yakoze, avuga ko urwo rubanza ari urwo kumutobera imyiyamamazo yiwe yo mu 2024.
Ku musi wa gatandatu, ku rubuga rwiwe rwa Truth Social, Trump yanditse ko ingingo y’uwo mucamanza muri urwo rubanza “iteye kubiri n’ibwirizwa shingiro, kandi ko mu gihe yokurikizwa, rizoba ribaye iherezo ry’ubutegetsi bwa prezida nk’uko twari dusanzwe tubuzi.”
Umuvugizi wa Trump, Steven Cheung, yavuze ko iyo ngingo ya sentare ari “agatotezo”.Cheung yagize ati:”Prezida Trump ategerezwa kubandanya ibikorwa vy’imbere y’uko ashikirizwa amabanga no kurangura ibikorwa vy’ubutegetsi bwiwe adatangiriwe n’ibisigarira bijanye n’ako gatotezo.”
“Ntihategerezwa kubaho igihano, kandi Prezida Trump azobandanya kurwanya aya mayeri gushika igihe bose bapfiriye.”
Muvyo yaheruka kwandika asaba, Trump yavuga ko urwo rubanza rwogira ingaruka mbi mu kiringo azoba ari ku butegetsi, rumubuze n’ubushobozi bwo gutwara.
Umucamanza Merchan avuga ko yahanuwe ku ngingo nyinshi ashobora gukoresha zokwishura ku makenga ya Trump yo gushobora gusamazwa n’urwo rubanza igihe azoba ari prezida atarinze kwubahiriza “Ingingo ikabije” yo guhagarika urwo rubanza.
Muvyo bamuhanuye harimwo guhagarika urwo rubanza gushika aho Trump w’imyaka 78, ava ku butegetsi mu 2029, canke kwemera guca urubanza rutarimwo igipfungo.
Trump yari yageragerageje kwerekana ko urwo rubanza ruteye kubiri n’ingingo ya sentare nkuru ku budahangarwa buhabwa umukuru w’igihugu, ariko arananirwa.
Mu kwezi kw’indwi, sentare nkuru yaciye urubanza ko abakuru b’ibihugu bafise ubudahangarwa bwo kudacirwa imanza “ku ngingo z’igihugu” bafashe bakiri ku butegetsi.
Ariko, mu kwezi guheze, umucamanza Merchan yaciye urubanza avuga ko ugutanga igiturire kwa Trump ategerezwa kubihanirwa.
Trump agiye kuba kuba umukuru w’igihugu wa mbere yagirijwe icaha agiye ku butegetsi.
Ashobora ariko kwunguruza inyuma yo gucibwa urubanza.