- Umwanditsi, Maia Davies
- Igikorwa, BBC News
Ukraine yarashe misire igera kure yahawe na Amerika imbere ku butaka bw’Uburusiya ku ncuro ya mbere, umusi umwe inyuma y’aho Amerika itangiye uruhusha rwo gukora mwene ivyo bitero.
Abategetsi ba Amerika bemeje ko hakoreshejwe Army Tactical Missile System (Atacms) mu makuru yo ku mboneshakure CBS, ikorana na BBC muri Amerika.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya yavuze ko ico gitero catumbereye akarere ka Bryansk gahana urubibe na Ukraine mu buraruko mu gitondo co kuri uyu wa kabiri.
Misire zitanu zakorowe iyindi irononekara, ibisigarira vyayo bitera isanganya ry’umuriro mu kigo ca gisirikare muri ako karere, nk’uko bivugwa n’uwo mushikiranganji.
Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergey Lavrov yagirije Amerika kugerageza gutuma intambara yongerekana gusumba.
Yagize ati:” Kuba Atacms yakoreshejwe urutitsa mw’ijoro mu karere ka Bryansk n’ikimenyetso ko bashaka [Amerika] ko intambara ikomera gusumba.
“Badafashijwe na Amerika, ikoreshwa ry’izo misire zikozwe mu buhinga bukomeye, nk’uko Putin yagumye abivuga incuro nyinshi, ntiryoshoboka.”
Yavuze ko Uburusiya “bushobora gufata” ko izo misire zikoreshwa “n’abahinga ba gisirikare bo muri Amerika.
Yabwiye abamenyeshamakuru ahariko harabera inama ya G20 I Rio de Janeiro ati:”Tuzofata ibi nk’iyindi sura y’intambara y’abanya Buraya ku Burusiya kandi tuzokwishura ku buryo bungana.”
Kuri uyu wa kabiri kare, Uburusiya bwahinduye amategeko agenga ikoreshwa ry’ibigwanisho vya nicreyere, bushiraho izindi ngingo zotuma igihugu gishobora kubikoresha.
Ubu iryo tegeko rivuga ko igitero giturutse mu gihugu kitagira mwene ivyo bigwanisho vya nucleyere, mu gihe gishigikiwe n’igihugu kibifise, Uburusiya buzofata ko hari ubufatanye hagati y’ivyo bihugu bwo kuburwanya.