- Umwanditsi, Kathryn Armstrong
- Igikorwa, BBC News
-
Ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya (Kremlin) vyahakanye ibivugwa mu binyamakuru ko Donald Trump yahamagaye kuri terefone mugenziwe w’Uburusiya Vladimir Putin, aho perezida wa Amerika aherutse gutorwa bivugwa ko yagabishije uw’Uburusiya ko intambara muri Ukraine itoguma ikomera gusumba.
Ico kiganiro co kuri terefone, cavuzwe ubwa mbere n’ikinyamakuru Washington Post ku wa mungu, bivugwa ko cabaye ku wa kane.
Trump bivugwa kandi ko muri ico kiganiro na Putin yanacishijemwo ivy’ingabo ”za gisirikare za Amerika z’igitigiri gifadika ziri i Buraya”.
Abajijwe kwemeza ko ico kiganiro cabaye, umuyobozi wa Trump ajejwe kumenyesha amakuru Steven Cheung yabwiye BBC ati: “Ntaco tuvuga ku vyo perezida Trump aba yavuganye ku giti ciwe n’abategetsi b’isi.”
Ariko yavuze ko abategetsi batanguye ivyo kuvugana n’umukuru w’igihugu yatowe.
Uburusiya buhakanye ivyo mu gihe be na Ukraine bagabanyeko ibitero vya drone vya mbere bikomeye kurusha ibindi kuva intambara itanguye.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bwo kwivuna abansi bwavuze ko bwaturikije ‘drones’ 84 za Ukraine mu turere dutandukanye tw’ico gihugu harimwo izari zisatiriye Moscou, ibi bikaba vyatumye bakebanurira ahandi ahandi indege zari kugwa ku bibuga vy’indege bitatu vyo kuri uwo murwa mukuru.
Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine cavuze ko mw’ijoro ryo ku wa gatandatu Uburusiya bwarungitse ‘drones’ 145 muri buri gice ca Ukraine, inyinshi bakazikorora.
Ku wa mbere, nibura abantu batandatu bishwe abandi 21 barakomereka muri Ukraine bivuye kuri urwo rukurikirane rw’ibitero vy’Uburusiya.
Hagati aho Uburusiya buvuga ko bwasambuye drone 13 za Ukraine hafi y’intara zo mu burengero za Kursk na Belgorod. Ntibwavuze ko hari abapfuye.
”Buri munsi, buri joro, Uburusiya bukora rya terabwoba nyene,” niko Zelensky yanditse kuri X inyuma y’ico gitero co ku wa mbere.
”Ibibanza vy’abanyagihugu basanzwe biguma birushiriza guterwa. Uburusiya nta kindi bushaka atari ukubandanya intambara, kandi kimwe kimwe cose muri ivyo bitero kiza guhakana ibivugwa n’abajejwe imigenderanire mu Burusiya.”
Zelensky yasavye ko ”amakungu amushigikira bikomeye gusumba” akamuha ibigwanisho bindi kugira hahagarikwe agasomborotso k’Uburusiya.
Trump yemeye kurangiza iyo ntambara ariko ntaravuga ingene yobikora.
Yaravuganye na Zelensky kuva atowe ku ndwi iheze. Amasoko yabwiye BBC ko ico kiganiro ”camaze hafi iminota 30”.
Zelensky aramaze kugabisha ko ata guhebera Uburusiya ubutaka bwa Ukraine kandi yavuze ko idafise imfashanyo ya Amerika, Ukraine yoca itsindwa intambara.
Mu gihe umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov ku wa mungu yavuganye n’ibinyamakuru vyo mu Burusiya ku ”bimenyetso vyiza” vy’ubutegetsi bugiye kujaho muri Amerika, abandi bibaza ko uwo agarutse ku butegetsi atazoheba Ukraine.
Barimwo John Healey, umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi, yavuze ko yiteze Amerika ”kuguma ifatanye mu nda n’abo bivunira umwansi hamwe nk’Ubwongereza, mu gushigikira Ukraine igihe cose bizofata kugira yiganzure igitero ca Putin”.
Hagati aho amakuru y’uko Uburusiya buguma butera intambwe imbere muri Ukraine arabandanya. Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire yavuze ku wa mbere ko ingabo zabwo zafashe ikigwati ca Kolisnykivka mu ntara ya Kharkiv.
Ahantu ha Ukraine Uburusiya bwafashe mu kwezi kw’icumi niho habaye aha mbere hanini kuva mu kwezi kwa gatatu mu 2022, ku bw’umwihwezo w’ikigo ciga ibijanye n’intambara, Institute for the Study of War, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru AFP ribivuga.