Friday, October 4, 2024

Melania Trump yabaye uwundi ‘First Lady’ w’Umurepubulikani ashigikiye gukoroza inda – BBC News Gahuza

Must read

Ahavuye isanamu, Reuters

  • Umwanditsi, Ana Faguy & Holly Honderich
  • Igikorwa, BBC News, Washington

Bisa nk’aho Melania Trump yinjiye mu murongo muremure w’Abarepubulikani bahoze ari abatambukanyi b’abakuru b’igihugu (Premières Dames/First Ladies) bahagurutse bagashigikira uburenganzira bwo gukorora inda, ivyemezo bitandukanye n’ivyiyumviro vy’abagabo babo.

Muri videwo ntoya yamamaza igitabo yimirije gusohora ku buzima bwiwe, Melania Trump ashigikira “uburenganzira bwite” bw’abagore, aho avuga ko ari “uburenganzira shingiro abagore bose bavukana”.

Hari haciye umusi umwe ikinyamakuru kimwe gisohoye agace kamwe k’ibiri muri iki gitabo, aho kivuga ko yoba afata icemezo mu buryo bweruye kuri ubu burenganzira bwo gukoroza inda.

Icemezo ca Melania Trump kuri iki kibazo kigaragara ko gitandukanye n’aho umugabo wiwe ahagaze, mu gihe yiyemeje ko azoshigikira ihindurwa ry’icemezo ca sentare kizwi nka Roe v Wade cahinduye uburenganzira butangwa n’ibwirizwashingiro bwo gukoroza inda.

Latest article