Umunye politike w’Ubufaransa Jean Marie Le Pen yapfuye afise imyaka 96.
Uwo mugabo yari amaze indwi zitari zike ari mu bitaro, yapfuye isaha zitandatu kuri uyu wa kabiri “akikijwe n’abiwe”, nk’uko bivugwa n’umuryango.
Le Pen atemera jenoside yakorewe abayahudi akaba n’intagondwa ku bibazo vyerekeye urukoba, igitsina n’abimukira – yashinze umugambwe Front National mu Bufaransa mu 1972.
Yarashitse mu gice ca nyuma c’amatora y’umukuru w’igihugu mu 2002 ahiganwa na Jacques Chirac.
Umukobwa wa Le Pen, marine yamusubiriye ku burongozi bw’uwo mugambwe mu 2011.
Kuva ico gihe yaciye awuhindura izina, witwa Rassamblement National, awuhindura n’umwe mu migambwe ikomeye cane mu Bufaransa.
Jordan Bardella, yasubiriye Marine ku burongozi bw’umugambwe mu 2022, avuga ko Jean Marie Le Pen “yamye na ntaryo akorera Ubufaransa”, kandi ko “yagwaniye akaranga n’ubwigenge bw’ico gihugu”.
Prezida Emmanuel macron w’Ubufaransa yavuze ko Le Pen “ari umuntu w’amateka muri Extreme droite”, yongerako ko ” kahise kazomucira urubanza” ku ruhara yagize muri politike y’igihugu ciwe.
Eric Zemmor wo muri Extreme droite yanditse kuri X ko “ushize ku ruhande kutemerwa na bose hamwe n’ibindi biterasoni” Le Pen azokwibukwa kuba “ari mu ba mbere yagabishije Ubufaransa ibintu bibugeramiye.
Kwubahiriza agateka k’abapfuye n’ikigandaro c’umuryango “ntibibuza uburenganzira bwo kugira ico uvuze ku bikorwa vyabo. Ivya Jean Marie Marie Le Pen ntawovyihanganira”, nk’uko vyavuzwe na Jean-Luc Melenchon arongoye umugambwe France Insoumise.
“Intambara n’uwo mugabo irarangiye. Intambara y’urwanko, amacakubiri ashingiye ku rukoba, urwanko ku ba Islam yabandanya gukwiragiza”.
Mu myaka mirongo, Le Pen yari umunye politike atavugwako rumwe mu Bufaransa.
Abamunebagura bamwagiriza kuba uwo muri Extreme droite, sentare ikaba yari imaze kumuhamya ivyaha incuro nyinshi kubera amajambo yashikiriza.
Mu 2015 yarirukanywe mu mugambwe Rassemblement National amaze gusubiramwo amajambo ahakana jenoside y’abayahudi.
Uko kwirukanwa mu mugambwe kwashitse mu gihe yari mu matati n’umukobwa wiwe yamwagiriza gusubira kuvuga amajambo ahakana jenoside y’abayahudi mu ntumbero yo gushaka gusubira kuja ahagaragara.