Indege y’intambara y’Abanyamerika yarasiwe mu kirere c’Ikiyaga Gitukura mu bisa n’isanganya ry’igisasu carashwe n’ab’iwabo, nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Amerika.
Abadereva bompi bari muri iyo ndege F/A-18 Hornet bakorotse neza, umwe muri bo akaba ari we yakomeretse bukebuke, nk’uko bivugwa n’ibiro vya gisirikare muri ako karere.
Iri sanganya ryabaye inyuma y’aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika zikoreye ibitero bitari bike vyo mu kirere ku kigo c’ububiko bw’ibisasu vya misire, kikaba kandi n’ikigo c’igenzura ry’ingabo, ku mugwa mukuru wa Yemen, Sanaa, cegukira umuhari w’inyeshamba z’aba-Houthi ufashwe mu mugongo na Irani.
Ibiro vya gisirikare vy’akarere (Central Command) bivuga kandi ko vyarashe indege zitagira abadereva (drone) z’aba-Houthi hamwe n’ibikoho vya muzinga birekura ibisasu vya misire mu Kiyaga Gitukura.
Mw’itangazo, ibiro vya gisirikare vy’akarere vyemeza ko habaye isanganya ry’ “igisasu cacu” hejuru y’Ikiyaga Gitukura.
Iri tangazo rigira riti: “Ubwato burasa ibisasu vya misire USS Gettysburg, ubwato buri mu mato agize amato y’intambara USS Harry S Truman Carrier Strike Group, bwihenze burarasa hanyuma bugema F/A-18, yaguruka iciye hampande ya USS Harry S Truman”.
Ntibizwi neza nimba iyi ndege yakorowe yari yagize uruhara mu bitero vyo muri Yemen.
Imbere y’aha, ibi biro vya gisirikare vy’akarere vyavuze ko ibi bitero i Sanaa vyari bifise intumbero yo “guhungabanya no gusambura ibikorwa vy’aba Houthi, nk’ibitero ku mato y’intambara y’igisirikare kirwanira mu mazi ca Amerika, be n’amato atwara ibidandazwa mu bumanuko bw’Ikiyaga Gitukura, Bab al-Mandeb, n’ikigobe ca Aden”.
Igisirikare ca Amerika kivuga kandi ko carashe “amadrone atari make y’aba-Houthi, be na ca muzinga kirekura ibisasu vya misire bisambura amato hejuru y’Ikiyaga Gitukura” hakoreshejwe “uburyo bw’igisirikare kirwanira mu kirere n’ikirwanira mu mazi vya Amerika, harimwo indege za F/A-18”.
Aba-Houthi, umuhari w’inyeshamba ufashwe mu mugongo na Irani ukaba ugenzura uburaruko bushira uburengero bwa Yemen, batanguye ibitero ku mato ya Israel n’ibindi bihugu inyuma y’akanya gato intambara yo muri Gaza itangye muri Gitugutu (10) 2023, bavuga ko bariko bifatanya n’Abanya-Palestina.
Kuva muri Munyonyo (11) 2023, ibitero vy’aba-Houthi bakoresheje ibisasu vya misire, vyatumye amato abiri atwarwa mu Kiyaga Gitukura ayandi nayo arononekara. Bavuga ko, nubwo bikunze kuba atari vyo, ko batera amato yonyene afitaniye isano na Israel, Amerika canke Ubwongereza.
Muri Kigarama (12) umwaka uheze, Amerika, Ubwongereza n’ibindi bihugu 12, vyaratanguje igitero vyise Operation Prosperity Guardian cari gifise intego yo gukingira amato aca mu Kiyaga Gitukura ibi bitero.
Ejo ku wa gatandatu, igisirikare ca Israel cavuze ko cagerageje kurasa igisasu ca misire cari kivuye muri Yemen ariko bikanka, kikaba cakubise ikibanza c’iteramiro i Tel Aviv.
Magen David Adom, igisata ca Israel kijejwe ubuvuzi mu bihe bidasanzwe, kivuga ko cavuye abantu 16 bari “bakomeretse bukebuke” baguweko n’ibipande vy’ibiyo vy’amadirisha yamenaguritse mu mazu yo hafi yabo.
Kivuga kandi ko cavuye n’abandi bantu 14 bakomerekeye mu nzira batera baja mu bibanza bikingiwe.
Umuvugizi w’aba-Houthi avuga ko uno muhari wateye ikigo ca gisirikare ukoresheje igisasu ca misire kinyaruka gusumba ijwi.
Mu ntango z’ino ndwi, Israel yakoze ibitero vyo mu kirere ku vyo ivuga ko ari ibibanza vya gisirikare vy’aba-Houthi, aho yakubise ibivuko co kimwe n’ibigo vy’umuyagankuba ku mugwa mukuru Sanaa.
Imboneshakure y’aba-Houthi Al Masirah TV ivuga ko abantu icenda ari bo bishwe mu kivuko ca Salif no ku kigo c’ububiko bw’igitoro Ras Issa.
Aba ba-Houthi bararahira bakarengwa ko badashobora guhagarika ibi bitero gushika intambara yo muri Gaza irangiye. Amerika ivuga ko ibi bitero biheruka biri mu bikorwa vyo kwikingira no gukingira incuti zayo.