Abanyagihugu b’amazinga ya Mayotte bavuga ko bari mu mahano atagira izina inyuma y’igihuhusi rutura, ica mbere gikomeye giteye aka karere kegukira Ubufaransa mu myaka 90.
Ibikorwa vy’ubutabazi birabandanya muri ako karere inyuma y’iki gihuhusi kizwi kw’izina rya Chido cateye mw’ijoro ryo ku wa 14 Kigarama (12), kigatikiza ibitari bike.
Abajejwe ubutabazi, harimwo n’abiyongereyeko bavuye mu Bufaransa, bariko barasesagura ibihomoka barondera abarokotse.
Abategetsi bavuga ko bigoye kumenya igitigiri c’abamaze kuhasiga ubuzima kubera igitigiri kinini c’abimukira badafise ibibaranga – barenga 100.000 – muri aka karere karimwo abanyagihugu 32.,000, ariko umukuru w’aka karere (Prefet) avuga ko igitigiri c’abapfuye gishobora gushika ku bihumbi.
Mayotte François-Xavier Biéville yabwiye ikinyamakuru co muri Mayotte, La 1ere (casubiwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters) ati: “Nibaza ko hazoba amajana n’amajana eka mbere bashobora gushika no mu bihumbi”.
Bivugwa ko iki gihuhusi Chido catikije ibigwati bizima, aho umuyaga washitse ku muvuduko w’ibirometero 225 kw’isaha (225 km/h).
Imipfunda yari ifise uburebure buri hagati y’imetero zine n’umunani ku nkengera z’ibahari Indiano amaja mu buraruko bw’iri zinga.
Amdilwahed Sumaila, umukuru w’igisagara ca Mamoudzou, ari na wo mugwa mukuru w’aka karere, agira ati: “Amabarabara ntahita na gato, nta wurengana …hazokenerwa imfungurwa n’amazi kandi ni ngombwa turondere ingene tubishikanayo”.
Umuvugizi w’ishirahamwe Croix Rouge ry’Ubufaransa Eric Sam Vah yabwiye BBC ko ibintu ari “urudubi”.
Avuga ko bashoboye kuvugana n’abakorerabushake 20 ku 200 ba Croix Rouge muri Mayotte akavuga ko afise ubwoba ko igitigiri c’abapfuye gishobora kuba umurengera.
Vah yabwiye ikiganiro Today ca BBC Radio 4 ati: “Hari uturere dutuwemwo n’abantu babayabaye kandi benshi cane twatikiye rwose, gushika ubu nta makuru y’abateshejwe izabo turaronka, rero ibintu bishobora kuba biteye ubwoba mu misi iri imbere”.
Igihe iki gihuhusi gitera mu mpera z’indwi iheze, Perezida Emmanuel Macron yatangaje ko vyihutirwa kurungika abaja gufasha mu bikorwa vy’ubutabazi.
‘Jewe naribonyee ikigwati cose kizimangana’
Bamwe mu banyagihugu ba Mayotte bavuga ko bari mu ngorane zikomeye z’imfungurwa, amazi n’uburaro.
Umwe mu baba i Mamoudzou, aho ari arindiriye imfashanyo, agira ati: “Tumaze imisi itatu ubu ata mazi turonka, ibintu biratanguye kuba nabi.
“Turiko tugerageza kurondera intica ntikize kugira ngo turabe ingene twoshobora kubaho, kuko ntituzi igihe amazi azogarukira”.
Mohamed Ishmael, uwundi aba i Mamoudzou, yabwiye Reuters ko ivyabaye muri ako karere ari akaga gakomeye.
“Ni nk’uko hoba hajejeje kuba intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara … jewe nashoboye kwibonena ikigwati cose kizimangana”.
Ejo ku wa Mungu, igenekerezo rya 15 Kigarama, indege ya mbere yari itwaye abaganga, imiti n’amaraso ni ho yashika i Mayotte ivuye mu mw’izinga rya Reunion, akandi karere kegukira Ubufaransa kari ku birometero 1400 uvuye i Mayotte mw’ibahari Indiano.
Abajejwe ubutabazi 110 bavuye mu Bufaransa bari mu nzira baja i Mayotte.
Bitegekanijwe ko kuri uno wa mbere umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’Ubufaransa Bruno Retaillo afata urugendo ruza kumushikana muri aka karere, ari kumwe n’abandi bajejwe ubutabazi 160.
Iki gihuhusi Chido carateye kandi Mozambike ejo ku wa Mungu, aho abantu nibura batatu bapfuye, conona n’ibitari bike congera gituma uturere tutari duke tubura umuyagankuba.
Mayotte ni akarere kegukira Ubufaransa kari mu burengero bw’ibahari Indiano, hagati y’uburaruko bwa Mozambike n’uburaruko bwa Madagascar kakaba gateje impari, kuko amazinga ya Comores avuga ko ari akarere kayo.
Ubufaransa bwakoronije Mayotte mu 1841 – kuva ikinjana ca 20 gitanguye bwongerako ayandi mazinga atatu nyamukuru agize amazinga ya Comores mw’ibahari Indiano.
Mu 1974, niho Comores yagira amatora yayishikanye ku ntahe y’ukwikukira, ariko Mayotte ikaba yafashe ingingo yo kubandanya ari akarere k’Ubufaransa.
Ihaye indaro abimukira batari bake badafise ibibaranga bashitse kuri iri zinga ryegukira Ubufaransa barondera ubuhungiro. Bivugwa ko aba bantu bahaboneye amakuba akomeye na rirya benshi muri bo baba mu tuzu tw’amahema atako twari twifashe.
Ibeshejweho ahanimi n’imfashanyo iva mu Bufaransa, aho 75% vy’abanyagihugu bayo bari mu bikene butagira izina, kandi ca gatatu cabo bakaba ari abashomeri.