Abajejwe imyiyamamazo ya Donald Trump bavuga ko bimwe mu biri mw’itumatumanako hagati yabo vyavogerewe n’abasuma b’amabanga yo mu mashini z’abandi ba Irani.
Ejo ku wa gatandatu, ikinyamakuru co muri Amerika Politico gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi cavuze ko cahawe ubutumwa muravyo (email) bw’inzandiko zirimwo ubushakashatsi bwakozwe ku wuriko yiyamamariza hamwe na Trump, umukenguzamateka wa Ohio, JD Vance.
Umuvugizi w’iyi myiyamamazo yabwiye BBC ati: “Izi nzandiko zashikiriye abakeba mvamahanga ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu buryo butemewe n’amategeko, mu ntumbero yo kwivanga mu matora yo mu 2024″.
Politico iremeza ko izi ndandiko ari iz’ukuri. BBC ntirashobora guhinyuza ibi bivugwa.
Aba bajejwe imyiyamamazo ya Trump nta zindi nsiguro batanga canke ivyemezo vy’uko izi nzandiko zoba zaratewe n’abasuma b’amabanga yo mu mashini (hackers) bo muri Irani canke reta ya Irani.
Itangazo ryabo rije inyuma y’umusi umwe ikompanyi Microsoft ihingura amamashini nyabwonko isohoye icegeranyo kivuga ko aba-hackers ba Irani bateye imyiyamamazo y’umukandida wa Amerika itavuze izina mu kwa gatandatu.
Ikigo Microsoft’s Threat Analysis Center (MTAC) kivuga ko abajejwe imyiyamamazo barungikiwe ubutumwa muravyo bw’ububeshi (phishing email) – ubu na bwo bukaba bwanditswe ku buryo buboneka ko ari ubw’ukuri kugira ngo uwuburungikiwe afyonde ku kiraro (lien/link) c’uruyeri.
MTAC yandika iti: “Mu mezi atari make aheze, twagiye tubona ibikorwa bikomeye vy’abanya-Irani bivanga mu bikorwa vya Amerika vyiyongera cane”.
Umuvugizi w’imyiyamamazo ya Trump, Steven Cheung avuga ko ibi bikorwa vyo kugerageza kwiba amabanga yo mu mashini zabo bivugwa mu cegeranyo ca MTAC mu kwa gatandatu “bihuriranye hafi n’igihe Perezida Trump yatora uwiyamamariza kuzomubera icegera ciwe “.
Cheung ati: “Abanya-Irani barazi ko Perezida Trump azohagarika ingoma yabo y’iterabwoba nk’uko yabigize mu myaka ine ya mbere ari umukuru w’igihugu”.
Politico ivuga ko mu mpera z’ukw’indwi, yatanguye guhabwa ubutumwa muravyo bw’umuntu yiyise “Robert” akoresha konte yo ku rubuga rwa AOL.
Iki kinyamakuru kivuga ko dosiye ya Vance yari ifise impapuro 271 kandi ishingiye ku makuru yo ku mugaragaro kuri kahise ka Vance n’ivyo yagiye avuga. Iyi konte kandi yarungitse igice c’icegeranyo c’ubushakashatsi ku mukenguzamateka wa Florida Marco Rubio, na we nyene yariko arahiganira ikibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu.
Imyiyamamazo y’abakuru b’igihugu isanzwe ikora ubushakashatsi ku bagenwa ngo bazobe icegera c’umukuru w’igihugu mu ntumbero yo kurondera akantu ako ari ko kose kumuta mu rudubi.
Politico ivuga ko bimwe mu vyahora bivugwa na Vance – kandi bizwi cane – mu kunegura Trump muri urwo rwandiko vyari bizwi nka “bimwe mu bishobora kumutembagaza”.
Iki cegeranyo ca Microsoft kivuga kiti: “Ibikorwa vya Irani vyo kwivanga mu matora biciye mu bitero nyabwonko ni ibintu vyamye vyibonekeza cane mu matora nibura atatu aheruka ya Amerika”.
Mu matora ya 2020, Microsoft yasohoye icegeranyo gisa n’iki kivuga ko aba-hackers ba Irani bivanze mu myiyamamazo y’umukuru w’igihugu.
Amasoko yo mu nzego za Amerika zijejwe umutekano aragabisha kandi Irani yoba iriko itegura kugandagura Trump, ikintu kidafitaniye isano n’ivyo kumurasa mu kwezi guheze i Pennsylvania.
Hanyuma ku wa kabiri, ubucamanza bwa Amerika bwararengukishije umugabo wo muri Pakistani avugwa ko afitaniye bucuti na Irani, bumwagiriza ko yategura kugandagura abategetsi ba Amerika, bishoboka ko harimwo n’uno yahoze arongoye igihugu.
BBC yasavye abategetsi ba Irani ico boshikiriza kuri ibi bivugwa ku gihugu cabo, ariko gushika ubu ntibarishura.