- Umwanditsi, Alex Boyd
- Igikorwa, BBC News
Ingendo zo kuri uyu wa kabiri buca ari Noweli zahuye n’ingaruka kubera ikibazo c’ubuhinga catumye indege zose z’ikompanyi American Airlines zibuzwa kuguruka.
Iyo ngingo yagiye gukurwaho imbere gatoya y’isaha indwi kw’isaha mpuzamakungu(13:00 GMT), nk’uko vyatangajwe n’ikigo c’igihugu kijejwe indege -Federal Aviation Administration (FAA).
Iri hungabana ry’ingendo ryabaye kuri umwe mu minsi haba hari ingenzi nyinshi cane kuko nyinshi zariko zerekeza mu mihingo itandukanye guhimbaza umunsi mukuru wa Noweli kuri uyu wa gatatu.
Mw’itangazo, American Airlines yatanze, yavuze ko ikibazo caturutse ku buhinga ari co catumye izo ngendo zihagarikwa ariko bariko bakora uko bashoboye kwose kugirango bagabanye mu buryo bwose bushoboka ingaruka zo guhungabanya ingendo.
“Dusavye imbabazi cane abakiriya bacu ku kibazo cabaye muri iki gitondo”, ni ko AA yavuze.
Bongeyeko bati: “Turiko dukoresha inguvu zose kugirango abakiriya bacu dushobore kubashikana iyo bari baramutse baja kandi vuba bishoboka”.
Ibibanza vyo guhagurukiramwo ku bibuga vyinshi vy’indege muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyari bikigaragaza ubwinshi bw’indege zacereje ingenzi igihe zari zimaze kurekurwa gusubira kuguruka, aho zimwe zari amasaha abiri inyuma y’igihe cari categekanijwe.
Ariko urubuga Flightradar24 rwifashishwa kuri internet mu kumenya ibihe indege zifatira ingendo, rwerekena ko indege zitari nke hirya no hino muri Amerika zasubiye gufata ingendo zazo kandi ku gihe.
Abari bafashe ingendo bavuze ku mbuga hwaniro ko bakigomye mu bibanza vyo kurindiriramwo canke ku bibuga vyo guhagurukirako, mu gihe indege zabo zacerejwe nk’ikiringo c’isaha yose.
Bamwe mu ngenzi mbere bakuwe no mu ndege bamaze kwinjira.
Video yashizwe ku rubuga rwa X n’umunyamakuru wa CBS muri Fort Lauderdale, muri leta ya Florida, yumvikanisha umujejwe kwinjiza ingenzi ku muryango atangaza ko indege yaja Philadelphia igiye gutangura kwuriza abantu.
Agira ati: “Ibintu biratanguye gusubira mu buryo buhoro buhoro”.
Muri Mukakaro (7), American Airlines, co kimwe n’izindi kompanyi zikomeye, zahagaritse indege zazo hirya no hino muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kubera ikibazo c’itumatumanako caturutse kuri ubwo buhinga bw’itumanako bwari wakwamye henshi kw’isi muri rusangi.
Ico kibazo -canateye ingaruka mu mabanki no mu bikorwa vyo gutabara vyihuta -cari caturutse ku kindi kibazo cabaye mu gukingira ama porogarama (software update) biturutse ku kigo Crowdstrike cagomba gushira ku gihe ubuhinga bw’umutekano muri ayo maporogarama (cybersecurity).