Monday, November 25, 2024

Trump -Putin-UKraine: Uburusiya burahakana ko Trump yavuganye na mugenziwe ku kibazo ca Ukraine – BBC News Gahuza

Must read

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y’isanamu, Putin ubu vuba yavuze ko ivyo Trump yemeye ko ashobora kurangiza intambara muri Ukraine ‘nibura bikwiye kwitabwaho’

  • Umwanditsi, Kathryn Armstrong
  • Igikorwa, BBC News

Ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya (Kremlin) vyahakanye ibivugwa mu binyamakuru ko Donald Trump yahamagaye kuri terefone mugenziwe w’Uburusiya Vladimir Putin, aho perezida wa Amerika aherutse gutorwa bivugwa ko yagabishije uw’Uburusiya ko intambara muri Ukraine itoguma ikomera gusumba.

Ico kiganiro co kuri terefone, cavuzwe ubwa mbere n’ikinyamakuru Washington Post ku wa mungu, bivugwa ko cabaye ku wa kane.

Trump bivugwa kandi ko muri ico kiganiro na Putin yanacishijemwo ivy’ingabo ”za gisirikare za Amerika z’igitigiri gifadika ziri i Buraya”.

Abajijwe kwemeza ko ico kiganiro cabaye, umuyobozi wa Trump ajejwe kumenyesha amakuru Steven Cheung yabwiye BBC ati: “Ntaco tuvuga ku vyo perezida Trump aba yavuganye ku giti ciwe n’abategetsi b’isi.”

Latest article