Friday, November 22, 2024

North Korea yarashe igisasu kibujijwe cambukiranya imigabane – BBC News Gahuza

Must read

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y’isanamu, Koreya ya Ruguru imaze igihe igerageza ibisasu bishobora kugera kure nk’ikizwi nka Hwasong-18 cerekanwa kuri iyi foto yo kw’igenekerezo rya 13 z’ukw’indwi kw’umwaka uheze wa 2023

  • Umwanditsi, Kelly Ng
  • Igikorwa, BBC News

Korea ya Ruguru yarashe igisasu ca misire cambukiranya imigabane, kizwi mu mpfunyapfunyo y’icongereza nka ICBM, cagurutse iminota 86 – umwanya wa mbere muremure gushika ubu – kikaba cagenze ibirometero birenga 1000 imbere y’uko kigwa mu mazi hanze y’inkengera yayo y’ubuserUko , nk’uko bivugwa na Korea y’Epfo n’Ubuyapani.

Iki gisasu ca ICBM carasiwe ku mfuruka y’amaduga iri hejuru cane kikaba cageze ku birometero 7000. Ibi bisigura ko iyo kikaraswa mu makika (canke mu butambike mu Kinyarwanda), kiba cageze ku ntera iruta ngaho.

Iraswa ry’iki gisasu kuri uyu wa kane ribaye mu gihe imigenderanire hagati ya Korea zompi yatosekaye cane, kandi Korea ya Ruguru ikabandanya ikoresha imvugo yo guturira kuri Korea y’Epfo.

Ejo ku wa gatatu, Korea y’Epfo yari yagabishije ko Korea ya Ruguru yariko itegura kurasa igisasu cayo ca ICbMB mu gihe himirije amatora y’umukuru w’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ndwi iza, ku wa 5 Munyonyo (11).

Latest article