Saturday, September 28, 2024

Israel-Lebanon: Umukuru wa Hezbollah Hassan Nasrallah ni nde? – BBC News Gahuza

Must read

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y’isanamu, Hassan Nasrallah yari amaze imyaka irenga 30 ari we arongoye Hezbollah

  • Umwanditsi, David Gritten
  • Igikorwa, BBC News

Sheikh Hassan Nasrallah, yari arongoye umugwi witwara gisirikare w’aba Islam b’aba Shia, Hezbollah, n’umwe mu bantu bazwi cane mu bamenyekana cane mu karere ko mu buseruko bwo hagati.

Nasrallah yari amaze igihe kirekire ataja ahagaragara kubera gutinya kwicwa na Israel.

Kuri uyu wa gatandatu ni ho igisirikare ca Israel cavuga ko cishe Nasrallah mu gitero yagize i Beirut.

Umuntu atari akunze kugaragara yari afitaniye ubucuti bukomeye na Iran, yagize uruhara runini mu guhindura Hezbollah umuhari ukomeye wa politike na gisirikare nk’uko umeze ubu – kandi akaba aguma ashimagizwa n’abayoboke b’uwo mugwi.

Latest article