Monday, September 30, 2024

Putin yatanze integuro nshasha y’amabwirizwa yogenga Russia kw’ikoreshwa ry’ibirwanisho vya nikleyeri – BBC News Gahuza

Must read

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y’isanamu, Imbere y’aha, Perezida Putin yari amaze gukangisha ko ashobora kuzokoresha ibirwanisho vya nikleyeri ariko iyi nteguro irasigura neza ingene bishobora kuba

  • Umwanditsi, Frances Mao
  • Igikorwa, BBC News

Perezida Vladimir Putin avuga ko Uburusiya bushobora gufata igitero gikozwe n’igihugu kidatunze ibirwanisho vya nikleyeri (canke ruhonyanganda vy’ubumara) gifashwe mu mugongo n’igitunze ibirwanisho vya nikleyeri nk'”igitero rusangi”.

Ibi bigashobora gufatwa ko ari nko kugabisha ko ashobora gukoresha ibiranisho vya nikleyeri muri Ukraine.

Mw’ijambo rikomeye yaraye ashikirije nijoro ku wa gatatu, uno mukuru w’igihugu c’Uburusiya avuga ko reta iriko irihweza ingene yohindura amategeko agenga ingene Uburusiya bushobora gukoresha ibirwanisho vyabwo vya nikleyeri.

Ukraine ni igihugu kidatunze ibirwanisho vya nikleyeri ariko gihabwa ubufasha bwa gisirikare na Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu bitunze ibirwanisho vya nikleyeri.

Latest article